IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Uwahagarikiye ibirori vyo kurahira kwa Raila Odinga yankiwe (...)

Kenya : Uwahagarikiye ibirori vyo kurahira kwa Raila Odinga yankiwe kwinjira mu gihugu

mardi 27 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Miguna Miguna akoresha urupapuro rw’inzira rw’igihugu ca CANADA inyuma y’aho Reta y’igihugu ca Kenya imwatse ubwenegihugu bw’ico gihugu mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma uwu mwaka.

Ubutungane bwo mu gihugu ca Kenya bwatanze itegeko ko uwo munyamategeko asubizwa iteka hamwe n’ibimuranga vy’igihugu ca Kenya, ariko abegereye Miguna Miguna bamenyesha ko Reta atavyo irakora.

JPEG - 323 ko
Umunyamategeko Miguna Miguna yahagarikiye uwutavuga rumwe na Reta ya Kenya Raila ODINGA mu birori vyo kwirahiza nk’umukuru w’igihugu

Miguna Miguna yirukanywe mu gihugu ca Kenya yongera yakwa ubwenegihugu bw’ico gihugu kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, inyuma yo kwagirizwa ko yahagarikiye uwutavuga rumwe na Reta Raila Odinga mu birori vyo kwirahiza nk’umukuru w’igihugu ca Kenya.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Abanya Afrika, dufite akazi katoroshye, ko yarahije, Raila kwari perezida afite kibazo ki yamubwiye akabimuha!! abantu ngo barize;

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.