IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Lesotho : Umukenyezi w’umushikiranganji wa mbere yishwe arashwe

Lesotho : Umukenyezi w’umushikiranganji wa mbere yishwe arashwe

jeudi 15 Ruheshi 2017

Umuvugizi w’igiporisi, Clifford Molefe, yavuze ko Lipolelo Thabane w’imyaka 58 hamwe n’incuti yiwe barashwe n’umuntu ataramenyekana bariko barataha, Lipolelo Thabane aca yitaba Imana, umugenzi wiwe nawe arakomereka.

Itororokanirizo ry’amakuru Reuters rimenyesha ko umuvugizi w’igiporisi yamaze kuvuga ko batanguye amatohoza kugira bamenye uwakoze ubwo bwicanyi bwahitanye umukenyezi w’umushikiranganji wa mbere.

Ubwo bwicanyi bwabereye mu gisagara ca Masana kiri ku nkengera z’umurwa mukuru Maseru, bwatumye haba ubwoba mu banyagihugu bibaza ko hashobora kwaduka indyane mu gihugu.

Lipolelo Thabane yishwe mu gihe hasigaye iminsi ibiri gusa kugira umugabo wiwe Tom Thabane arahire mu mabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.