Lesotho : Umukuru w’igisirikare yishwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 6 Nyakanga 2017 saa 01:45
25365
0 0

Inyuma y’aho umukuru w’intwaramiheto z’igihugu Khoantle Motsomotso yishwe arashwe kuri uwu wa kabiri uheze mu gihugu ca Lesotho, umuryango w’ibihugu vyo muri Afirika yo mu bumanuko (SADC : La Communauté de Développement d’Afrique Australe) uriko utegura vyihuta kurungika intumwa muri co gihugu kugira ugire amatohoza no gutanga umuco kuri urwo rupfu.

Umukuru w’intwaramiheto zo mu gihugu ca Lesotho, Khoantle Motsomotso yarashwe kuri uwu wa kabiri uheze igenekerezo rya 5 ari mu biro vyiwe igihe intwazangabo zibiri zagerageje kwinjira ku nguvu aho yakorera mu nyuma haduka amasasu yatumbera abacungera umutekano wa Motsomotso abari bateye baca bahasiga ubuzima hamwe n’umukuru w’intwazangabo z’igihugu Khoantle Motsomotso.

Amakuru ava ku mugwa mukuru Maseru amenyesha ko iryo yicwa rya Motsomotso rizotuma haba kurabana ribi hagati y’igisirikare ca Lesotho, inyuma y’imyaka itatu hageragejwe ihirikwa ry’ubutegetsi mu mwaka wa 2014.

Mu mezi atatu aheze, haheruka kuba amatora y’abashingamateka yatumye haba intwaro mfatakibanza yatumye Thomas Thabane aba umushikiranganji wa mbere, bica bituma kurabana ribi hagati y’abasirikare b’ico gihugu kwunyuka.

Umushikiranganji wa mbere Thomas Thabane imbere y’uko atorwa yasezeranye ko azokora ibishoboka kugira agabanye inguvu n’uruhara igisirikare kigira muri poritike nk’uko vyari vyasabwe na SADC, ubu bikavugwa ko vyoba biri mu vyatumye Khoante Motsomotso yicwa, kuko bamwe mu basirikare biwe batemeye ko vyokorwa.

Mwomenya ko atari ubwa mbere mu gihugu ca Lesotho umukuru w’intwaramiheto z’igihugu apfa arashwe. Mu mwaka wa 2015, uwahoze ari umukuru w’intwaramiheto z’igihugu Mahao yarishwe arashwe imbere y’uko hategekanywa ko ahagarikwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha