Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Liberiya : Abanyagihugu bazindukiye mu gice ca kabiri c’amatora y’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Liberiya : Abanyagihugu bazindukiye mu gice ca kabiri c’amatora y’umukuru (...)

Liberiya : Abanyagihugu bazindukiye mu gice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu

mardi 26 décembre 2017

Abantu barenga imiriyoni zibiri nibo bitavye amatora kugira batature abo bagabo babiri bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Liberiya, inyuma y’igice ca mbere c’amatora yabaye aho George Weah yaronse amajwi 38 kw’ijana, Joseph Boakai akaronka amajwi 29 kw’ijana.

Ku ruhande rw’abashigikiye George Weah, bavuga ko amaze kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kabiri, mu mwaka wa 2005 na 2011, ariko kubw’abo yatsindwa mu matora kubera kohabaye ibitagenze neza mu matora.

Ku ruhande rwa Joseph Boakai ntiyari bwitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu, ariko inyuma y’amashuri mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yarabaye umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, araba kandi umuhinga mw’Ibanki y’Isi.

Uwotorwa hagati ya George Weah na Joseph Boakai yoba abaye umukuru w’igihugu agira kabiri atowe n’abitwa abasangwabutaka ba Liberiya ,inyuma ya Samuel Doe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.