Liberiya : George Weah yemeye ko agiye kurwanya igiturire

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 23 janvier 2018 saa 11:22
9150
0 0

Igihugu ca Liberiya kiramutswa umukuru w’igihugu mushasha, kuva kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018. George Weah yabaye umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru, yavuze ko agiye kwihatira kurwanya igiturire no gukomeza imigenderanire n’ibindi bihugu.

Ku kibuga c’umupira w’amaguru ku murwa mukuru wa Liberia Monrovia, niho habereye ibirori vyo kurahiza umukuru w’igihugu mushasha, George Weah.

Mw’ijambo ryiwe, Geoge Weah yavuze ko yamaze igihe kinini mu bibuga vy’umupira w ‘amaguru, ariko ko ubu yumva ari mu bindi bihe, kandi ko mu gihugu ata watsinze, kandi atawatsinzwe ariho.

George Weah yamenyesheje abari bitavye ibirori ko bariko bahanahana ubutegetsi uwatowe ashikiriza amabanga uwundi yatowe, ariko kandi ari urunganwe rubishije urundi.

Geroge Weah yemeye kwubaka Liberiya nshasha, aho abantu bangana, bidegemvya, kandi bakagira n’agateka k’umunyagihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha