IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Malawi : Banyamwema batandatu bazokwitoza mu matora y’umukuru (...)

Malawi : Banyamwema batandatu bazokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu

mardi 26 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Overstone Kondowe, umukuru w’ishirahamwe ry’abanyamwema mu gihugu ca Malawi, yabwiye ikinyamakuru The Guardian ko bashaka kwereka amakungu ko bafise ikindi barico kirengeye kuba bafise umubiri nk’uwo bafise.

Ishirahamwe ry’abanyamwema muri Malawi ryijeje ko rizotanga abitoza mu matora y’umukuru w’igihugu n’ayo abashingamateka batandatu, bizotuma abantu bahindura ivyiyumviro kuri banyamwema.

Ivyo bigiye kuba, mu gihe muri Malawi, co kimwe no mu bindi bihugu vyo mu karere Malawi irimwo, ba nyamwema bahigwa kubera ko hari abemera ko ibice bimwe vy’umubiri wabo bituma baronka ubutunzi.

Mu mwaka wa 2016, umutegetsi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ko banyamwemamuri Mlawi bashika 10000 babangamiwe, kuko baguma bicwa baronderwako ibihimba vy’umubiri.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.