Mali :Amatora yo mu turere yungururijwe ku rindi sango

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 27 novembre 2017 saa 03:29
1215
0 0

Reta ya Mali yafashe ingingo yo kwigiza imbere isango ry’amatora mu turere ryari ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2017, iyashika mu kwezi kwa kane umwaka uza wa 2018.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafuque, amenyesha ko Reta yasiguye ko yunguruje isango ry’amatora kugira hategurwe amatora atawe akumira, kandi abaye mu mahoro nkuko bisabwa n’abafise uruhara bose mu matora.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu Tiéman Hubert Coulibaly yavuze ko ibikoresho vyose bikwiye ariko bategerezwa kubandanya gutegura amatora mu ruhande rwa poritike kugira bose bayitabe kandi agende neza.

Ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta, Tiébilé Dramé arongoye umugambwe Parena amenyesha ko kuba bigije inyuma isango ry’amatora vyerekana ukubura ishaka n’ubushobozi buke k’uruhande rwa Reta ya Mali.

Mu gihe ikibazo c’umutekano muke kiguma kigaruka ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta, babandanya bemeza ko Reta idashobora kugarukana amahoro mu gihugu, yongere itunganye amatora.

Tiébilé Dramé amenyesha ko amakenga ari menshi kuko amatora y’umukuru w’igihugu yari ategekanijwe mu kwezi kw’indwi 2018, nayo ashobora guca yigizwa inyuma.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha