IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umunyamabanga mukuru wa Francophonie ariyamiriza ubwicanyi bwakozwe muri (...)

Umunyamabanga mukuru wa Francophonie ariyamiriza ubwicanyi bwakozwe muri Mali

lundi 19 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa mbere, Michaelle Jean yamenyesheje ko kuva ku munsi w’Imana, inyuma yaho amenyeshejwe ivyabaye n’umukuru w’igihugu ca Mali Ibrahim Boubacar, yahagaritswe umutima n’ivyabaye, hamwe n’abagizwe imbohe mu gihe c’ico gitero, akibaza n’ingene ababa mu karere kakozwemwo ico gitero bamerewe.

Michaelle Jean yagize ati : «Muri ibi bihe bigoye, ndifatanije n’imiryango yabuze hamwe n’abajejwe intwaro bo mu gihugu cose ca Mali.»

JPEG - 316.5 ko
Michaelle Jean, Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu bivuga ururimi rw’Igifaransa (Francophonie)

Muri ryo tangazo, Michaelle Jean arashima ibikorwa vyo gutabara muri ico gitero vyakozwe n’ingabo z’igihugu ca Mali zifadikanije n’inteko z’umuryango mpuzamakungu zisanzwe ziri mu gihugu ca Mali, mu gikorwa co kugarukana umutekano, na cane cane ko bashoboye kuburizamwo abo bagwanyi bakabigiza inyuma. Michaelle Jean yavuze ko ico gikorwa c’abihevyi kibaye mu gihe bamaze gushika kuri vyinshi mu mugambi biyemeje mu masezerano yo kugarukana amahoro mu gihugu ca Mali.

Mu guheraheza, Michaelle Jean yamenyesheje ko ishirahamwe arongoye rizobandanya rifasha mu kugwanya iterabwoba hamwe no gushigikira Reta ya Mali hamwe n’ibihugu bihurikiye mu karere ka sahel G5, mu bikorwa vyo kugwanya ibikorwa vy’abihevyi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.