Mali : Umusirikare wa ONU yagandaguwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 4 Gitugutu 2016 saa 10:29
Yasomwe : 16371
0 0

Umusirikare w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ari mu bagiye kubungabunga amahoro muri Mali yishwe, abandi barakomereka mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Mali, mu bitero vyakozwe ku kambi y’abo basirikare iri hafi y’urubibe Mali ihabwa n’igihugu ca Algerie.
Mw’itangazo ryashikirijwe na ONU, bamenyesheje ko hakozwe ibitero bine ku makambi y’i Aguelhok, bihitana umusirikare umwe wa ONU akomoka muri Chad. Ivyo bitero vyakomerekeje abandi basirikare umunani.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe (...)

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon asaba ko hakwiye gufatwa ingingo ku bakoze ivyo bitero, ibitero yise ivyaha vyo mu ntambara hisunzwe amategeko mpuzamakungu. VOA ivuga ko gushika ubu ata muhari n’umwe uriyitirira ivyo bitero.

Ico gice co mu buraruko bwa Mali cabereyemwo ivyo bitero cari carigeze gufatwa n’abarwanyi b’aba Islamiste mu mwaka w’2012, bahakurwa n’abasirikare b’Ubufaransa mu mwaka w’2013, ariko abo barwanyi bakaba bakigenzura uduce tumwe tumwe.

N’aho utawuriyemerera ko ari inyuma y’ivyo bitero vyakozwe, umuhari w’iterabwoba al-Qaida uracabandanya iterabwoba muri Mali. Abasirikare 32 ba ONU nibo bamaze gusiga ubuzima mu bikorwa vy’iterabwoba.

Kumenyekanisha

1
AHIMBONEYE 7-10-2016 à 22:54

UBWICANYI NTAHO BUTARI

2
nsaguye andré 5-10-2016 à 19:53

turahojej umuryangowabuze. izonkozikibinazo nibabandanyebazirondere

3
Morodikayi Jon 5-10-2016 à 07:05

Turahojeje umuryango waburiye uwabo muricogitero, ibisigaye OUN nifate ingingo zikomeye zogutuza iyomihari yiterabwoba. Batibagiye nuyumuhari witerabwoba Wankurunziza ngonimbonerakure kuko ni bobafukamye igihugu munda nukwica nugusahura bafatanije nacagi porisi catayumurongo.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha