Misiri : 23 bapfuye, 25 barakomereka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 26 mai 2017 saa 02:37
Yasomwe : 3708
0 0

Abakristu 23 bo mu gihugu ca Misiri nibo bapfuye, abandi 25 barakomereka mu gihugu ca Misiri, igihe imodoka yari ibatwaye yaraswa n’abantu bitwaje inkoho.

Amakuru ava mu kinyamakuru cegereye Reta mu gihugu ca Misiri avuga ko ubw bwicanyi bwabereye mu gihugu hagati, mu ntara yitwa Minya iri ku birometero 220 mu gice c’ubumanuko c’umurwa mukuru Misiri.

Iradiyo y’abongereza BBC imenyesha ko ab bakristu bari bagiye ahari ikigo c’abihebeye Imana kiri mu gace kitwa Saint Samuel.

Hari hamaze kuba ibindi bitero ku masengero y’abakirisu , aho abantu 46 bitavye Imana, bica bituma umukuru w’igihugu ashinga amategeko y’igihugu kiri mu bihe bitoroshe.


Kumenyekanisha

1
FIACRE 26-05-2017 à 22:48

IMAN NIBAKIR.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha