Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abajejwe umutekano 2 bishwe abandi 3 barakomereka
Misiri : Abajejwe umutekano 2 bishwe abandi 3 barakomereka
lundi 19 Ruheshi 2017, par
Ico gisasu giturika cari giteze i ruhande y’ibarabara, imbere y’uko iyo modokari y’abaporisi irengana.
Igihugu ca Misiri gisanzwe gihangana cane n’ibitero nk’ivyo bisanzwe bikorwa n’imigwi icuditse na Reta ya Kiyisiramu mu buraruko bw’intara ya Sinayi, ariko gushika ubu nta mugwi n’umwe uriyitirira ico gitero co kuri uwu w’Imana.

Mwomenya ko ibitero nk’ivyo bikorwa aho mu gihugu ca Misiri kenshi bikunda guhitana abaporisi n’abasirikare hamwe n’abakirisu bahurikiye mu muryango w’aba "Coptes".
Vianney BIKORIMANA