Misiri : IS yemeye ko ariyo yishe abakristu

Yanditswe na
Kuya 28 mai 2017 saa 06:37
Yasomwe : 6444
0 0

Umugwi w’abarwanyi bo muri Reta ishingiye ku mategeko ya Islam Etat Islamique, bemeye ko aribo bagize igitero ku modoka yari itwaye abakristu mu gihugu ca Misiri.

Muri ico gitero cabaye kuwa gatanu igenekerezo rya 26 Rusama,umwaka wa 2017,hitavye Imana abantu 28, mu gihe abitwaje inkoho barasa imodoka yo mu bwoko bwa bus yari ibatwaye mu kigo kimwe c’abihebeye Imana.

Ku munsi wa gatandatu,igenekerezo rya 27 Rusama,umwaka wa 2017,bamwe mu babuze ababo muri ico gitero bari bagiye ku maziko ,abandi bagandariye ababo bishwe.

Mu ntumbero yo kwihora,igisirikare ca Misiri caragize igitero kw’ikambi y’abarwanyi b’umurwi wa Reta ishingiye ku mategeko ya Islam iri mu gihugu ca Libiya.

Umurwi wa Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam uramaze kwemera ko wagize ibitero mu gihugu ca Misiri haraheze amezi makeya.


Kumenyekanisha

1
Elias Mpozamarira 1er-06-2017 à 07:15

Turahojeje imiryango yabuze ababo mwicogitero cabobabisha !,
nayuwo avuga yuko atarabi Isilam bitagodwa babishe, nimba yasomye ayamakuru ya mbaye amafime kumaso. Benekubica biyemereye kwaribo babishe, none avugagute kwarireta ya Misiri yabishe gute ?, ivyo intagodwa za Isalam ziriko zirakora kwisi birazwi.Dufise abagenzi beshi bahekuwe nizo ntagodwa, mwiyidwi muri siliya umuryango wa Ayesha, na Mohammad bawugandaguye wose izontagodwa za Isalam, nimbahevye nahimbe neza.

2
Jack Hupa 29-05-2017 à 21:06

Aboba Isilam Mubaveko,sibobabishe Bishwenareta Yamisili

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha