Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Umushikirizamanza yasavye ko Hosni Moubarak arekurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Umushikirizamanza yasavye ko Hosni Moubarak arekurwa

Misiri: Umushikirizamanza yasavye ko Hosni Moubarak arekurwa

mardi 14 Ntwarante 2017

Umushikirizamanza mukuru wok u murwa mukuru w’igihugu ca Misiri yatanze itegeko ko Hosni Mubarak yahoze arongoye igihugu ca Misiri arekurwa akidegemvya.

Amakuru ava mu binyamakuru vyo ku murwa mukuru wa Misiri bimenyesha ko iryo tegeko ryasohotse kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwarante umwaka wa 2017,inyuma y’imyaka hafi 6 apfunzwe.

Iryo tegeko ryasohotse inyuma y’ingingo ya sentare yatezuriye uwo mutegetsi yagirijwe kugira uruhara mw’iyicwa ry’abiyamirije intwaro yiwe mu mwaka wa 2011,igihe bagira imigumuko arinayo yamukuye ku butegetsi inyuma y’imyaka 30 arongoye igihugu ca Misiri.

Hosni Mubarak ntashobora kurenga imbibe z’igihugu kuko hari ayandi matohoza agikorwa yagirizwa kurya ibiturire.

Hosni Mubarak yari amaze imyaka yababa itandatu apfungiwe mu bitaro vy’abasirikare ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri ,I Kayiro.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.