Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mozambique: Igiporisi cagabishije abagabo bafise ubuhanza
Mozambique: Igiporisi cagabishije abagabo bafise ubuhanza
jeudi 8 Ruheshi 2017
Abagabo babiri bafise ubuhanza, biciwe mu ntara ya Zambezia, umwe basanze bamuciye umutwe hamwe n’ibindi bihimba vy’umubiri batabonye irengero ryavyo.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umuvugizi w’igiporisi ca Mozambique yavuze ko inyuma y’urupfu rwabo bagaboi babiri, hari abandi bantu babibi bafashwe bikekwa ko aribo babikoze.
Amakuru ava mu gihugu ca Mozambique amenyesha ko ubwo bwicanyi bufatiye ahanini ku bemera ibintazi, ko abafise ubuhanza bafise inzahabu mu mitwe yabo.
Abagirizwa ubwo bwicanyi ni abasore bava mu gihugu ca Mozambique, bakaba babwiye igiporisi ko ivyo bihimba vy’umubiri vyokoreshejwe mu burozi mu gihugu ca Tanzania na Malawi.
MUGISHA Van Naris