Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mozambique: Igiporisi cagabishije abagabo bafise ubuhanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mozambique: Igiporisi cagabishije abagabo bafise ubuhanza

Mozambique: Igiporisi cagabishije abagabo bafise ubuhanza

jeudi 8 Ruheshi 2017

Abagabo babiri bafise ubuhanza, biciwe mu ntara ya Zambezia, umwe basanze bamuciye umutwe hamwe n’ibindi bihimba vy’umubiri batabonye irengero ryavyo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umuvugizi w’igiporisi ca Mozambique yavuze ko inyuma y’urupfu rwabo bagaboi babiri, hari abandi bantu babibi bafashwe bikekwa ko aribo babikoze.

Amakuru ava mu gihugu ca Mozambique amenyesha ko ubwo bwicanyi bufatiye ahanini ku bemera ibintazi, ko abafise ubuhanza bafise inzahabu mu mitwe yabo.

Abagirizwa ubwo bwicanyi ni abasore bava mu gihugu ca Mozambique, bakaba babwiye igiporisi ko ivyo bihimba vy’umubiri vyokoreshejwe mu burozi mu gihugu ca Tanzania na Malawi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.