Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa yatowe ikiziga

Yanditswe na IGIHE
Kuya 2 Ruheshi 2017 saa 04:05
Yasomwe : 33687
0 0

Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa yahora ari Umwepisikopi wa Diyoseze ya Bafia mu gihugu ca Cameroun yatowe ikiziga kuri uwu wa gatanu ku birometero indwi vy’uruzi Sanaga.

Nk’uko tubikesha BBC, ikiziga c’uwo Musenyeri gitowe inyuma y’iminsi ibiri imodoka yiwe nayo nyene itowe ku kiraro c’uruzi Sanaga, ku birometero birenga 80 uvuye mu gisagara ca Yaoundé.

Abategetsi b’igihugu ca cameroun bemeza ko umunsi uwo muduga utorwa, batoye kandi n’ibiranga (ivyangombwa) vy’uwo Musenyeri, biri kumwe n’agapapuro kari kanditse ngo : "Ndi mu mazi."

Amatohoza y’ukurondera irengero rya Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa yaciye atangura kuvu kuri uwu wa kane, akaba yatowe ikiziga kuri uwu wa gatanu.

JPEG - 34.6 ko
Musenyeri Jean Marie Benoit Mballa

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha