Nijeriya : Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari yongeye kubonekana inyuma y’imisi 80

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 24 juillet 2017 saa 11:57
Yasomwe : 5823
0 0

Umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari yafotowe ubwa mbere ari i Londres mu gihugu c’Ubwongereza, inyuma y’imisi 80 iheze agiye kwivuza mu Bwongereza aho kuba atari mu gihugu vyateye impari mu gihugu, benshi bakibaza ko yoba yarapfuye abandi nabo bakavuga ko yoba atagifise inguvu zogusubira mu bikorwa vyiwe.

Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari w’imyaka 74 yagiye mu gihugu c’Ubwongereza kuva mu kwezi kwa rusama uyu mwaka wa 2017 agiye kwivuza naho ingwara agwaye itamenyeshejwe.

Inkuru ziva mu begereye ubutegetsi bwa Nijeriya, zivuga ko ku munsi w’Imana igenekerezo rya 23 mukakaro 2017 yabonanye na ba Buramatari aho vyabonetse ko yarafise umunezero.

Abamenyesheje uko Buhari amerewe bavuze ko umukuru w’igihugu yari aryohewe kandi ko atigeze atakaza icizere.

Buramatari Rochas Okorocha ari mu bagiye kuraba Buhari amenyeshako nabo nyene babajije umukuru w’igihugu ibivugwa ko ubuzima bwiwe bugeramiwe ariko ngo yaguma abatwenga.

Rochas Okorocha yavuze ati : “ Umukuru w’igihugu Buhari ntiyigeze acika intege n’ibihuha bamuvugako, ahubwo yatanze indamutso ku banyanijeriya bose.”

Mwomenya ko kuva igenekerezo rya 7 nzero 2017 amagara ya Buhari yagiye asubira inyuma aho yaguma aja kwivuza mu gihugu c’Ubwongereza, ariko kuva muri rusama 2017 yagiye mu Bwongereza agumayo aho yasigiye icegera ciwe Yemi Osinbajo ububasha bwo gutunganya ibikorwa vyose vy’igihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha