Niger: Abanyagihugu bavuye mu ngo bahunga imyuzure

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 Myandagaro 2017 saa 07:55
Yasomwe : 3267
0 0

Abategetsi b’igihugu ca Niger batanze itegeko ko abantu barenga ibihumbi baba ku murwa mukuru Niamey bava mu ngo zabo mu ntumbero yo kwikingira imyuzure ikomeye iri muri ico gisagara.

Nkuko amakuru dukesha iradiyo y’abngereza BBC abimenyesha, abanyagihugu benshi ubu bimukiye mu mashuri, mu gihe hari n’abandi badafise aho baja.

Kuva mu kwezi kwa gatandatu imvura itanguye kugwa, abantu barenga 40 baramaze kwitaba Imana, amaze arasenyuka,amabarabara aracika,n’ibitungwa bitari bike birapfa.

Ayo makuru ya BBC amenyesha kandi ko mu kwezi kwa gatanu, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryaburiye abantu ribabwira ko abantu barenga ibihumbi 100 bafise ivyago vyo gusinzikazwa n’imyuzure.

Mu mwaka uheze wa 2016, imyuzure yasinzikaje abanyagihugu baharurirwa mu bihumbi, abaharurwa muri cumi nabo barapfa, cane cane mu duce turimwo ubugararwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha