IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Umukuru w’igihugu yasabwe gutanga imihoho

Nigeria: Umukuru w’igihugu yasabwe gutanga imihoho

jeudi 29 Ruheshi 2017

Ayo Fayose buramatari w’Intara ya Ekiti niwe yabaye uwa mbere yasavye umukuru w’igihugu gutanga imihoho.

Yavuze ati :“ Ndashaka kuvuga ko igihe kigeze ngo umukuru w’igihugu atange imihoho,kugira igihugu kibandanye gutera imbere.”

Umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari ntaraja ahabona kuva mu kwezi kwa gatanu umwaka wa 2017, kuva agiye kwivuza indwara n’ubu itaramenyekana ku murwa mukuru w’Ubwongereza Londres.

Mu kwezi kwa mbere n’ukwa kabiri kw’uwu mwaka wa 2017, umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari yari yagiye kandi mu gihugu c’Ubwongereza, arik ashitse mu gihugu yavuze ko atari arwaye cane.

Ijwi ryiwe riheruka kwumvikana igihe abaislam bahimbaza umunsi mukuru uheza ukwezi kw’amapfungo, naho nyene amakuru avuga ko ijwi ryiwe ryumvikanye avuga nk’umunru arushe.

Umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari afise imyaka 74 y’amavuko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.