Home > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya: Abantu 40 bahitanywe n’umwuzure
Nijeriya: Abantu 40 bahitanywe n’umwuzure
Tuesday 17 July 2018, by
Amakuru dukesha iradiyo y’Abongereza BBC amenyeshako abajejwe intwaro bashikirije yuko abantu 22 murabo bapfuye bashinguranywe iteka abandi 18 nabo bajanywe muri Niger iyo bakomoka.
Ayo makuru abandanya avuga ko uyo mwuzure watumye umugezi uri murivyo bice wuzura cane umaze kurengerwa uca wirara mu mihana y’abantu.
Bivugwako amazu ibihumbi 200 hamwe n’imiduga 1000 arivyo vyononywe n’uyo mwuzure.
Abenshi mubo inzu zabomotse baciye baja gusaba uburaro mu mazu y’amashure y’intango ari murivyo bice.

Vianney BIKORIMANA