Nijeriya: Abasirikare 5 baguye mu gitero ca Boko Haram

Yanditswe na Bikorimana Vianney
Kuya 1 June 2018 saa 02:35
10890
0 0

Abasirikare 5 nibo bapfuye inyuma y’intambara zahuje abasirikare ba Reta hamwe n’abagwanyi b’umurwi Boko Haram mu ntara ya Borno mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nijeriya.

Amakuru dukesha BBC amenyeshako igisirikare ca Reta camenyesheje yuko bamwe mu basirikare ba Reta bapfuye baguye mu mutego abandi nabo bahonyora ibisasu bihambwe mu kuzimu vyatezwe n’abo bagwanyi.

Umurwi Boko Haram washinzwe mu mwaka wa 2002 n’uwitwa Mohamed Yusuf ukaba ukunda kugaba ibitero vyinshi mu gihugu ca Nijeriya eka no mu bihugu bibanyi naco ukaba wipfuza gushinga igihugu gishingiye ku mategeko ya Kisiramu.

Reta ya Nijeriya isanzwe ivuga ko uyo murwi waneshejwe ariko abarwanyi buyo murwi ntibasiba kugaba ibitero ku banyagihugu hamwe no kubasirikare.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha