Nijeriya : Imbuga ngurukanabumenyi z’umugambwe uri ku butegetsi zatewe n’abagizi ba nabi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 avril 2018 saa 01:05
4455
0 0

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Nijeriya All Progressive Congress (APC), umenyesha ko watanguye gukoresha imirongo yo k’ubuhinga ngurukanabumenyi mishasha, inyuma y’aho iyo wahora ukoresha uterewe n’abagizi ba nabi.

Umugambwe All Progressive Congress (APC), umenyesha ko Twitter, Instagram, Facebook n’urundi rubuga rumwe rukoreshwa mu gutanga amakuru, ariyo yahinduwe.

Amakuru y’ikinyamakuru Premium Times, amenyesha ko umugambwe APC ukibimenya, waciye ufata ingingo zikomeye harimwo guhindura imbuga zose uwo mugambwe wahora ukoresha.

Premium Times kimenyesha ko, ku wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018, ariho kuri Twitter y’umugambwe APC vyatangura kubonekako hari abariko bacishako amakuru adahuye n’ivyo basanzwe bacishako.

Umunyamabanga ajejwe gutumatumanako amakuru mu mugambwe APC, Bolaji Abdullahi, yamenyesheje ko imirongo ngurukanabumenyi yose y’umugambwe yahinduwe.

Igihugu ca Nijeriya kiri mu bihugu bikunda guterwa n’abagizi ba nabi ku mugabane wa Afrika, baciye ku buhinga ngurukanabumenyi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha