Nijeriya:Kaminuza 58 zitemewe n’amategeko zugawe

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 28 mai 2018 saa 11:18
4410
0 0

Umurwi w’igihugu ujejwe gukwirikirana amashure ya Kaminuza mu gihugu ca Nijeriya NUC watangaje ko, wugaye amashure ya kaminuza 58 bitumwe nuko atubahirije amategeko zitegerezwa gukurikiza.

Uwo murwi w’igihugu wamenyesheje ko nyinshi mu zugawe zifise ivyicaro hanze y’igihugu ,ibiri mu vyatumye yugarwa akaba ar’uko ivya ngombwa vyayo mashure bitangwa bitemewe n’ihuriro ry’abahejeje amashure ya kaminuza hamwe n’abigisha ivyigwa.

Amakuru dukesha The East Africab, amenyesha ko zimwe muri kaminuza zugawe harimwo izigisha ibijanye n’ubutunzi, Kaminuza y’ishengero ry’abakirisu bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yigisha ivy’indero n’ibijanye n’imbuga ngurukanabumenyi hamwe n’izindi.

Ibrahim Yakassai ajejwe kumenyesha amakuru muri NUC, yavuze ko umuntu uwariwe wese afise urupapuro rw’umutsindo w’izo kaminuza zugawe atemerewe kuyikoresha, nayo uwuzobirengako azohanwa hisunzwe amategeko.

Ikinyamakuru East Africab kivuga ko uyu murwi ujejwe amashure ya kaminuza wavuze ko, hari umwe mu bakenguzamateka wo mu gihugu afise urupapuro rw’umutsindo rwo hejuru PhD yaronkeye muri imwe muri izo kaminuza zitemewe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha