Nijeriya : Reta yagirizwa kunanirwa kugenzura umuti w’inkorora ukoreshwa nk’ikiyayuramutwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er mai 2018 saa 10:06
4215
0 0

Abajejwe intwaro mu gihugu ca Nijeriya, baragirizwa ko bananiwe kugenzura ibijanye n’ikoreshwa ry’umuti uvura inkorora, usigaye ukoreshwa n’urwaruka, nk’ikiyayuramutwe.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko igisata cayo gikora itohoza, Africa eye, cerekanye ukuntu hari abantu bakorana n’ibigo bidandaza imiti muri Nijeriya, bagurisha ku magendo umuti w’inkorora witwa codeine.

Mu gisagara ca Kano kiri mu buraruko bw’igihugu, ikigo ca Reta kijejwe kurwanya ibiyayuramutwe kivuga ko naho gisaka kenshi, gishobora gukura mu mabarabara cumi kw’ijana gusa vy’uwo muti.

Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha kandi ko, yasanze hari abantu basinzikajwe n’uwo muti banwa nk’ikiyayuramutwe, baboshwe n’iminyororo kugira ntibagire uwo bahohotera, mu kigo ca Reta kivura abantu nk’abo


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha