Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari aratahuka
Nijeriya : Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari aratahuka
samedi 19 Myandagaro 2017, par
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Femi Adesina yamenyesheje ko umukuru w’igihugu azoshikiriza ijambo abicishije ku mboneshakure ku musi wa mbere w’indwi iza.
Muhammadu Buhari w’imyaka 74 yagiye mu Bwongereza mu kwezi kwa rusama uyu mwaka wa 2017 agiye kwivuza akaba yaramaze amezi 3 agwariye murico gihugu inyuma yo kwivuza ataha mu mezi ya nzero na ntwarante uyu mwaka nyene,ingwara yatumye aza kwivuza n’ ubu itaramenyekana kandi amagara yiwe akaba atawuzi uko ameze gushika ubu.

Bikorimana Vianney