ONU yagiriza Tanzaniya gukorana na Koreya ya ruguru

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 16 Nyakanga 2017 saa 12:58
43770
0 0

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagiriza igihugu ca Tanzaniya ko gikorana n’igihugu ca Korea ya ruguru. Iryo shirahamwe rivuga ko amatohoza agiye gukorwa ku migenderanire y’ivyo bihugu vyompi. Igihugu ca Tanzaniya kivuga ko gitangazwa n’ivyo cagirizwa.

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya n’ayandi makungu, Augustine Mahiga, yamenyesheje ko naho hari imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri, kuva mu mwaka wa 2014 Tanzaniya yagabanije imigenderanire n’igihugu ca Koreya ya Ruguru, ariko akavuga ko ataco ivyo bihugu bipfa.

Umushikiranganji Augustine Mahiga agira ati : "Nta kibazo dufitaniye n’igihugu ca Koreya ya ruguru, kandi igikorwa co gukora ibigwanisho ruhonyanganda ca Koreya ya ruguru si ciza kuko nta gaciro bitanga kuri ino si".

JPEG - 27 ko
Augustine Mahiga, umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya n’ayandi makungu

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Tanzaniya yashikirije kandi ko imigenderanire y’urudandazwa na Korea ya ruguru yamyeho imbere yuko Koreya ya Ruguru ifatirwa ibihano.

Igisata c’umurwi mpuzamakungu kijejwe umutekano kw’isi camenyesheje ko kigiye gukora amatohoza ku gihugu ca Tanzaniya mu ntango z’uku kwezi kwa Nyakanga, aho bivugwa ko igihugu ca Tanzaniya cateye umukono ku masezerano ya gisirikare y’amadorari imiriyoni 12,5 n’igihugu ca Koreya ya Ruguru.


Kumenyekanisha

1
Nsengiyumva Remy 17-09-2017 à 05:30

Nivizuri ONU kufwatiya Tanzania.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha