IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Omar El Beshir asaba Vladmir Poutine kumufasha

Omar El Beshir asaba Vladmir Poutine kumufasha

vendredi 24 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Sudani Omar El Beshir yaciye asaba Uburusiya kumufasha kurwanya ico yita "ukwiganza kwa Reta zunze ubumwe za Amerika."

Urwo rugendo rwa mbere rwa Omar El Bechir mu gihugu c’Uburusiya rubaye inyuma y’iminsi mike Donald Trump akuyeho ibihano ku gihugu ca Sudani, ikitabujije Omar El Beshir kwagiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika kwivanga no gushaka kwifatira igihugu ca Sudani, akavuga ko ico gihugu arico gituma hama ingorane muri Sudani, agasaba Uburusiya kubafasha kwikingira. Omar El Beshir yipfuza gukomeza imigenderanire mu guhanahana ibirwanisho n’igitoro.

Mu biganiro abo bakuru b’ibihugu bagiranye, ntibigeze bayaga ku kibazo c’imitahe mpuzamakungu yasohorewe Omar El Beshir. Umuvugizi wa Reta y’Uburusiya kuri ico kibazo yashimye kutavuga aho Reta y’Uburusiya ihagaze.

Dmitri Peskov avugira ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi agira ati : « Omar El Beshir n’umukuru w’igihugu yemewe n’amategeko agenga igihugu ca Sudani, Uburusiya bumwakiriye kuri ico c’ubahiro ».


Pacifique BUKURU

Messages

  • Dmitri Peskov avugira ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi agira ati : « Omar El Beshir n’umukuru w’igihugu yemewe n’amategeko agenga igihugu ca Sudani, Uburusiya bumwakiriye kuri ico c’ubahiro : IBIMWANDITSE NIVYO CANKE MWIHENZE!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.