Ouganda : Abashingamateka bane bitwariye umukuru w’igihugu muri sentare mpuzamakungu

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 janvier 2017 saa 07:28
Yasomwe : 14625
0 0

Abashingamateka 4 bo mu mugambwe Forum for Democratic Change-FDC utavuga rumwe na Reta mu gihugu c’Ubuganda bitwariye umukuru w’igihugu Yoweri Museveni muri sentare mpuzamakungu y’i La Haye.
Abo bashingamateka bavuka mu gice co mu burengero bw’igihugu c’Ubuganda,bagiriza umukuru w’igihugu Yoweri Museveni ivyaha vyo gisinzikaza agateka ka zina muntu.
Umwe muri abo bashingamateka Winnie Kiiza yabwiye abanyamakuru ko bagiriza umukuru w’igihugu kuko ariwe atwara ingabo z’Ubuganda izo nazo zikaba (...)

Abashingamateka 4 bo mu mugambwe Forum for Democratic Change-FDC utavuga rumwe na Reta mu gihugu c’Ubuganda bitwariye umukuru w’igihugu Yoweri Museveni muri sentare mpuzamakungu y’i La Haye.

Abo bashingamateka bavuka mu gice co mu burengero bw’igihugu c’Ubuganda,bagiriza umukuru w’igihugu Yoweri Museveni ivyaha vyo gisinzikaza agateka ka zina muntu.

Umwe muri abo bashingamateka Winnie Kiiza yabwiye abanyamakuru ko bagiriza umukuru w’igihugu kuko ariwe atwara ingabo z’Ubuganda izo nazo zikaba zagirizwa ko zishe abantu igihe zatera ingoro y’umwami i Kisese mu mwaka uheze.

Abategetsi b’igihugu c’ Ubuganda bavuga ko hishwe abantu 64 harimwo abapolisi 16, ariko abo bashingamateka bavuga ko abantu bishwe barenga 100.

Ibiro vy’umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu vyemeye ko vyakiriye icagirizi c’abo bashingamateka ,ariko ko bidasigura ko batanguye gukora amatohoza canke bazoyakora.
Itangazo ryavuye muri sentare mpuzamakungu ryamenyesheje ko sentare itegerezwa kubanza kubigenzura.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha