IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > "Urudandazwa rw’abantu muri Libiya ni ingaruka z’ivyakozwe n’ibihugu (...)

"Urudandazwa rw’abantu muri Libiya ni ingaruka z’ivyakozwe n’ibihugu rutura"

lundi 20 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubutumwa bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA bwanditswe ku muhora wiwe wa Twitter buvuga buti : "Je condamne cette cruauté d’un autre âge en Libye. Ces méfaits de l’esclavage sont le résultat de l’intervention militaire unilatérale de certains pays occidentaux en Libye suite à l’abus des résolutions de l’ONU et au mépris des décisions de l’Union Africaine."

JPEG - 27.6 ko
Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi

Twarondeye Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ajejwe kumenyesha amakuru kugira adusigurire ubwo butumwa bw’umukuru w’igihugu bwanditswe mu rurimi rw’igifaransa.

Willy NYAMITWE avuga ko umukuru w’igihugu yiyamiriza urwo rudandazwa rw’abantu, akavuga ko iyo ari ingaruka y’ivyakozwe mu gihugu ca Libiya, aho ibihugu rutura n’abasirikare bavyo bateye ico gihugu, bahindura inzego zari zihari. Kubw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, urwo rudandazwa rw’abantu ni ingaruka z’igihugu catswe uburongozi bwaco.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ryakiranye umubabaro amasanamu yashizwe ahabona, yerekana abimukira bo musi y’ubugaragwa bwa Sahara bariko baragurishwa kw’isoko ry’abaja mu gihugu ca Libiya.

Ayo masanamu yashizwe ahabona n’imboneshakure CNN yo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yerekana urudandazwa rw’abantu muri Libiya, aho hari abasore bariko bagurishwa icamunara, kugira bajanwe gukora mu mirima, bagakora badahembwa, canke bagahembwa amafaranga make cane.

Ayo masanamu y’imboneshakure CNN yerekana ko abo basore bagurishwa umwe amafaranga agera ku madorare amajana ane.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira (OIM) riremeza ayo makuru y’igurishwa ry’abirabure baryavuze ko ryegeranije ibimenyetso vy’abagirwa abaja muri Libya.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko rigiye gukoreshwa uburyo bwose rifise, kugira urwo rudandazwa rw’abirabure b’abimukira ruranduranwe n’imizi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uwugatinyashengero ko yirirwa arasasika inganda akoresheje za mbonerakure,interahamwe na FDLR kurusha ibiriko bibera LYBA ubona nkaho ariko avugiki! He better keep his mouth shut! Damn

  • Nyakubahwa Petero Nkurunziza,

    1°Abo gutera ivyasti ubwa mbere, muri iryo gurishwa ry’abantu nkibitungwa, si abagurisha abirabure, ni abatuma abirabure bagurishwa. Abo nabo ni abarongoye ibihugu bamwe bamwe, nkamwe, mupfukamye mu nda abo murongoye.
    Ni igiki gituma abo bantu bahunga ibihugu vyabo? Ni ubukene, ni intwaro mbi zanyu, ni ingwano, ni agacintizo n’umukazo... Bagira bati n’ugupfa twari twapfuye bagaheza bati tugende tuzogwe imbere. Umwiheburo nivyo bituma abo birabure bagwa mu minwe y’ibipfamutima.
    Uwokubaza nyakubahwa igituma abigeme isinzi ngaho mu Burundi bata bakomoka bakijana kuba abaja mu barabu ni iki? Ni umwiheburo mwashize mu gihugu. Ni bangahe aho hagati mu gihugu babayeho nkabaja? Ni isinzi. Ba bayaya, ba baboyi, bamwe bacuruza imibiri yabo, ba bana bata amashure kubera ubukene bakaja kuragira, bamwe aho kubiza gukora bigishwa kwica, birigwa muri za allelua... Ni izinzi. Abeshi kubera ukubura uko bagira.
    Ko akazi mu Burundi ata wukanukira atari umu DD ashirira canke atava i Ngozi, wibaza ko ugwo gwaruka gwose rubayeho gute? Abagize Imana bakomoka wibaza ko bababayeho gute?

    2° Abandi bo gutera ivyati ni abagura abantu nk’impene. Ariko abo bazokwamaho igihe mwebwe mutwara ibihugu vy’abirabure mufata ubwanyu abo mutwara nki’mpene. Abakuru b’ibihugu bamwe bamwe nta valeur muha abo murongoye, si bakavamahanga bazoha iyo valeur abirabure. Igihe cose mwebwe murongoye abandi murondera kwuzuza inda, mutarondera ineza y’igihugu, igihe cose mukorera agatsiko kanyu(umuryango, clan, intara), abaja bazamaho.

    3°Abandi bo gutera ivyatsi ni abirabure bamwe bamwe ubwabo nyene bemera kuba aabaja, bazi ko batanganya Ubuntu n’umuzungu canke n’umwarabu, baemera bakabapfukamira nk’Imana nabo bakabakoresha ico bashaka. Igihe cose umwirabure azokwumva muriwe ko ari un sous-homme, bizokwama gutyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.