IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abagabo 18 bagirizwa gufata abana ku nguvu barengutse mu (...)

RDC : Abagabo 18 bagirizwa gufata abana ku nguvu barengutse mu butungane

vendredi 10 novembre 2017

Bose hamwe bagirizwa gufata ku nguvu abana 46 bava mu kirwati ca Kavumu, igihe bafatwa ku nguvu bakaba bari bafise amezi 18 gusa y’amavuko, bazize ko abo barwanyi bari bafise amakuru ko amaraso yabo ashobora kubakingira.

Yaba umukuru w’abo barwanyi, Frederic Batumike, umunyamategeko wo mu ntara, hamwe n’abandi bakurikiranwa bahakanye ivyo bagirizwa.

Urwo rubanza rwatumye amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu agarukana icizere ko rushobora gutuma amabi yo gufata abana n’abagore ku nguvu nk’igikoresho co mu ngwano ahagarara.

Uwuserukira abahuye n’ivyago Jean Chysostome Kijana yabwiye itorokanirizo ry’amakuru Reuters ko urwo rubanza ruje kuburira abadahana ivyaha.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.