Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abakozi babiri ba ONU banyurujwe
RDC: Abakozi babiri ba ONU banyurujwe
mardi 14 Ntwarante 2017
Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo imenyesha ko hari abakozi babiri b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU banyurujwe n’abagizi ba nabi.
Uwa mbere yanyurujwe ni Michael Sharp, ava mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe na Zaida Catalan ava mu gihugu ca Suede.
Nkuko biri mw’itangazo rya Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abo bakozi babiri b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU banyurujwe n’abantu bataramenyekana, kandi n’umunsi banyurujweko ntiwashizwe ahabona muri iryo tangazo.
Iryo tangazo rimenyesha ko banyurujwe bari kumwe n’abanyekongo bane hafi y’ikigwati ca Ngombe, mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
IGIHE