Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Abakozi babiri ba ONU banyurujwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abakozi babiri ba ONU banyurujwe

RDC: Abakozi babiri ba ONU banyurujwe

mardi 14 Ntwarante 2017

Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo imenyesha ko hari abakozi babiri b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU banyurujwe n’abagizi ba nabi.

Uwa mbere yanyurujwe ni Michael Sharp, ava mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe na Zaida Catalan ava mu gihugu ca Suede.

Nkuko biri mw’itangazo rya Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abo bakozi babiri b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU banyurujwe n’abantu bataramenyekana, kandi n’umunsi banyurujweko ntiwashizwe ahabona muri iryo tangazo.

Iryo tangazo rimenyesha ko banyurujwe bari kumwe n’abanyekongo bane hafi y’ikigwati ca Ngombe, mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.