RDC: Abantu 11 harimwo umunyamerika banyurujwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 Mukakaro 2017 saa 06:40
Yasomwe : 10134
0 0

Abantu 12 baranyurujwe n’abarwanyi b’umurwi w’aba Mayi mayi urwanira mu karere k’ubuseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo.

Muri abo banyurujwe,harimwo umumenyeshamakuru ava mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,hamwe n’abandi 11 bacunga ishamba mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwsro rusangi ya Kongo.

Ayo makuru yemejwe kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 15 Mukakaro 2017,aho
Alfred Bongwalanga, arongoye akarere ka Mambasa, mu ntara ya Ituri yamenyesheje ko babakuye aho bakorera mw’ishamba ry’ibikoko riri ahitwa Okapi.

N’abategetsi m’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika baremeza ayo makuru,ariko ntaco bashimye kubivugako.

Amakuru ava mu burongozi bw’ikigo kijejwe gucungera ibidukikije muri Kongo avuga ko hari Abongereza babiri n’abandi batanu mur’abo bacungera iryo shamba bashoboye guhunga ico gitero.

Icegera ca Buramatari w’intara ya Ituri, pacifique Keta, avuga ko abasirikare hamwe n’abandi vyega babimenyeshejwe kandi batanguye ibikorwa vyo kubarondera.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha