RDC: Abantu 250 baritavye Imana mu bwicanyi bufatiye ku moko

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 Myandagaro 2017 saa 11:25
Yasomwe : 6192
0 0

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu barenga 250 aribo bapfuye inyuma y’ubwicanyi bufatiye ku moko bwabaye mu ntara ya Kasai iri mu buseruko bw’igihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Kongo.

Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha ko icegeranyo casohowe na Zeid Raa’ad al-Hussein kimenyesha ko muri abo 250 bitavye Imana hagati y’ukwezi kwa gatatu n’ukwezi kwa gatandatu , harimwo abana 60.

Mu gihe bari mu matohoza,abanyagihugu babwiye abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,ko abajejwe umutekano hamwe n’umugwi w’abagwanyi ushigikiwe na Reta (Bana Mura) aribo bakoze ubwo bwicanyi mu gihe bariko birukana imirwi irwanira mu karere ka Kasai.

Umugwi w’abarwanyi Kamuina Nsapu nawo nyene uragirizwa kuba warakoze ubwicanyi, kandi ko wakoresha abana mu ntambara.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha