RDC : Abantu 33 bapfuye bahitanywe n’isanganya rya gari ya moshi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 novembre 2017 saa 03:03
9855
0 0

Abantu 33 nibo bapfuye bahitanywe n’isanganya rya gari ya moshi ryabereye ahitwa Buyofwe, mu ntara ya Lualaba mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Radiyo Okapi y’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yamenyesheje ko iyo gari ya moshi yatse umuriro, wongerekanye kuko yari itwaye imizigo irimwo ibidandazwa bishobora gufatwa n’ingoga n’umuriro.

Iyo gariyamoshi yarivuye mu gisagara ca Lubumbashi, igisagara ca kabiri kinini, igenda Luena ku birometero 2000 uvuye ku mugwa mukuru wa Kongo Iharanira Intwaro Rusangi Kinshasa.

Umukuru w’intara Richard Muyej yamenyesheje ko hari impanuka yabaye ariko ntiyashoboye kwemeza ko hari abantu bapfuye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha