IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abantu cumi baguye mu gitero hagati y’abasirikare ba Reta n’abarwanyi (...)

RDC : Abantu cumi baguye mu gitero hagati y’abasirikare ba Reta n’abarwanyi ba ADF Nalu

lundi 10 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yatangaje ko abantu bagera kuri cumi baguye mu mishamirano yabaye hagati y’abasirikare ba Reta hamwe n’abarwanyi bikekwa ko ari abo mu muhari wa ADF Nalu, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana.

Iyi mishamirano yabereye mu gace ka Boikene, mu majaruguru y’igisagara ca Beni, mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Gilbert Kambale, umwe mubaharanira agateka ka zina muntu mu gisagara ca Beni, yatangaje ko mu bapfuye harimwo abanyagihugu umunani bishwe barashwe, umusirikare wa Reta umwe, hamwe n’umwe mu barwanyi ba ADF.

Ici gitero gikozwe inyuma y’iminsi ibiri ishirahamwe mpuzamakungu "Human Right Watch" ryagirije abasirikare ba MONUSCO bari muri ico gihugu, hamwe n’abasirikare ba Reta, ko ataco bariko barakora mu guhagarika ubwicanyi bukorerwa i Beni.

Human Right Watch ivuga ko ifise ivyemeza vyinshi vy’abanyagihugu hamwe na bamwe mu basirikare ba Reta bavuga ko izo nteko zijejwe umutekano ziterekana ugushaka gukwiye kw’uguhagarika ubwicanyi bukorerwa mu turere tuba turimwo ibirindiro vy’abo basirikare.

Abarwanyi ba ADF batanguye gushinga ibirindiro vyabo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu mwaka w’1995. Muri ico gisagara ca Beni conyene, abantu bagera ku majana indwi nibo bamaze kwicwa, baguye mu mishamirano.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.