IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abapatiri 10 bafatiwe mu myiyerekano

RDC: Abapatiri 10 bafatiwe mu myiyerekano

Monday 22 January 2018

Georges Kapiamba arongoye ishirahamwe riharanira ubutungane muri Kongo "Congolese Association for Justice" yavuze ko bamaze gutororokanya abapatiri cumi bafashwe, barimwo Patiri Dieudonne Mukinayi wo kuri paruwasi ya Binza Ozone, uwo nawe akaba apfungiwe mu nyubakwa y’umutegetsi ari muri Reta, hamwe n’abanyeshengero umunani.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko ,uwo ari mw’ishirahamwe riharanira ubutungane yavuze kandi ko, ku makuru bafise abafashwe baguma bahohoterwa, kandi impuzu zabo zaratabuwe.

Umugwi "Lay Coordination Committee", ishami rya Ekleziya Katolika, niwo wasavye ko haba imyiyerekano mu gihugu cose, kugira bagondoze ubutegetsi bushire mu ngiro amasezerano yapfunditswe hagati ya Reta n’imigambwe bitavuga rumwe kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2016.

Abantu batandatu barishwe ku murwa mukuru Kinshasa, igihe igipolisi cakoresha umwuka ukoroza amosozi, hamwe n’amasasu y’ukuri gishwiragiza abari mu myiyerekano yakozwe no mu tundi duce tw’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.