IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abasirikare 14 ba ONU baguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

RDC : Abasirikare 14 ba ONU baguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

samedi 9 décembre 2017

Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Antonio Gutteres, yavuze ko arico gitero ca mbere gihitanye abasirikare ba ONU benshi mu myaka mike iheze.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko mu kwerekana umubabaro no guhoza ababuze, Antonio Guteres yarungikiye ubutumwa bw’umubabaro igihugu ca Tanzaniya, aho abo basirikare ba ONU bava.

Ayo makuru nyene y BBC amenyesha ko abandi basirikare batanu ba Reta ya Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo nabo baguye muri ico gitero cabaye ku basirikare ba ONU.

Jean-Pierre Lacroix, ajejwe ibikorwa vyo kubungabunga amahoro kw’isi, yamenyesheje ko mu ntumbero yo kwongereza inguvu abasirikare bari ahabereye ico gitero muri Kivu y’Uburaruko, hari abandi basirikare barungitsweyo.

Naho ONU itigeze ivuga abakoze ico gitero,iradiyo ifashwe mu mugongo na ONU mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo yavuze ko abikekwa gukora ico gitero ari abo mu murwi wa ADF, ugizwe n’abantu bava mu Buganda.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.