IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abongereza babiri boba banyururijwe mw’ishamba rya Virunga

RDC : Abongereza babiri boba banyururijwe mw’ishamba rya Virunga

samedi 12 mai 2018

Amakuru ava muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, avuga ko urukurikirane rw’imiduga yarimwo ingenzi yakozweko igitero, aho muri iryo shamba.

Urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko uko vyagenze biramenyekana neza, ariko bivugwa ko umwe mu bacunga iryo shamba yishwe.

Ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe imigenderanire n’amakungu buvuga ko bukiriko burakora amatohoza ku makuru avuga ko izo ngenzi zari vy’ukuri abanyagihugu b’Ubwongereza.

Mu kwezi guheze kwa Ndamukiza, batanu bacunga iryo shamba hamwe n’uwugendesha imodoka, bariciwe mu gitero.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.