IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Ebola yasubiye kwibonekeza mu Buraruko bushira Uburengero

RDC : Ebola yasubiye kwibonekeza mu Buraruko bushira Uburengero

mercredi 9 mai 2018

Iyo ndwara ya Ebola yatanguye kwibonekeza kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, aho abantu babiri babonetse bafise ibimenyetso vy’iyo mdwara.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, yaremeje ayo makuru, inyuma y’aho abantu babiri muri batanu bo mu gisagara ca Bikoro berekaniye ibimenyetso, inyuma y’ipimo bagiriwe.

Iradiyo y’abongereza BBC, ivuga ko OMS yarungitse abahinga barenga 50 mu kurwanya ico kiza ca Ebola, kandi ko yamaze kuronka imfashanyo irenga imiliyoni y’Amadorare y’abanyamerika yo gukoresha mu gikorwa co gutabara.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo buvuga ko, Ebola yabonetse ubwa mbere muri ico gihugu mu mwaka wa 1976.

Ishirahamwe ry’Abaganga batagira imbibe (MSF) rivuga ko Ebola arico kiza gihitana ubuzima bw’abantu benshi kw’isi, igafatwa nk’indwara yandukira cane ; ishobora kwica ibice 90 kw’ijana vy’abayanduye.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.