IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Ibiganiro vyasubiye gutangura ku ncuro ya kabiri

RDC: Ibiganiro vyasubiye gutangura ku ncuro ya kabiri

jeudi 12 Nzero 2017

Ibiganiro bihuza abanyepolitike mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo vyasubiye gutangura ku ncuro ya kabiri bihagarikiwe n’abasenyeri katorika.

Ivyo biganiro vyatunganijwe ku ncuro ya kabiri,bigize ico bishikako bizotuma haba itunganywa ry’amatora muri uyu mwaka wa 2017 hamwe no gusezera umukuru w’igihugu Joseph Kabila.

Amasezerano ariho ubu yateweko umukono kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2016, yemejwe n’urunani rw’abari ku butegetsi bashigikiye umukuru w ‘igihugu Kabila, hamwe n’ihuriro rinini rigizwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Ayo amasezerano yateweko igikumu, abuza abayasinye guhindura Ibwirizwa Shingiro,mu gihe vyavugwa ko umukuru w’igihugu Joseph Kabila afise intumbero yo kurihindura.

Ayo masezerano avuga kandi ko amatora ategerezwa kuba yatunganijwe imbere y’uko uyu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n’indwi uhera, kandi ko hazoshingwa Reta y’ubumwe, irongowe n’umushikiranganji wa mbere aturutse mu runani rw’iyo migambwe iri mu biganiro.

Abarongozi b’ishengero katolika aribo bariko baratunganya ivyo biganiro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.