RDC:Igihugu nticahimbaje umunsi bibuka ukwikukira

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 30 juin 2017 saa 05:22
Yasomwe : 12564
0 0

Igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nticahimbaje ibirori vyo kwibuka umusi ico gihugu caronka intahe yo kwikukira igenekerezo rya 30 ruheshi umwaka w’ 1960.

Inkuru ziva i Kinshasa zivuga ko mu rwandiko rwasohotse k’urubuga rwa twitter rw’umukuru w’igihugu Joseph Kabila, ku mugoroba wo ku munsi wa kane igenekerezo rya 29 ruheshi 2017, ryasaba abanyagihugu kuguma mu gacerere no kuzirikana umunsi wo kwikukira kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 ruheshi 2017.

Muri urwo rwandiko , umukuru w’igihugu Joseph Kabila yamenyesheje ko atashoboye kubashikiriza ijambo nkuko vyahora bikorwa ku bw’ingorane z’amagara amukitse .

Mwomenya ko Joseph Kabila yagiye ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2001 afise imyaka 29 asubiriye se wiwe, haheze iminsi agandaguwe.

Ikiringo ca kabiri ca Joseph Kabila carangiye igenekerezo rya 19 kigarama 2016,ariko kuva ico gihe hagumye impari z’uko umukuru w’igihugu Joseph Kabila atosubira kwitoza ngo arongore igihugu mu kindi kiringo .


Kumenyekanisha

1
Nahimana Floribert 6-07-2017 à 13:52

nakinjure VYob Vyiza

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha