RDC:Inama nkuru y’umutekano ya ONU isaba ko amasezerano ashirwa mu ngiro vyihuta

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 Nzero 2017 saa 07:37
Yasomwe : 9477
0 0

Inyuma y’ishirwako umukono ku masezerano vyabaye kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2016 mu gihugu ca Republika iharanira Intwaro rusangi ya Kongo, inama y’umutekano mw’ishiorahamwe mpuzamakungu ONU isaba ko ayo masezerano yoja mu ngiro mu maguru masha.
Mw’itanga ry’inama ya ONU ijejwe umutekano, iyo nama irashima ingene abarongozi ba Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo biyoroheje kandi bumvikanye, ariko igasaba ko vyobandanya ukwo mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo bigiteye amakenga (...)

Inyuma y’ishirwako umukono ku masezerano vyabaye kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2016 mu gihugu ca Republika iharanira Intwaro rusangi ya Kongo, inama y’umutekano mw’ishiorahamwe mpuzamakungu ONU isaba ko ayo masezerano yoja mu ngiro mu maguru masha.

Mw’itanga ry’inama ya ONU ijejwe umutekano, iyo nama irashima ingene abarongozi ba Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo biyoroheje kandi bumvikanye, ariko igasaba ko vyobandanya ukwo mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo bigiteye amakenga na cane cane ibijanye n’intwaro gushika habaye amatora.

François Delattre aserukira igihugu c’Ubufaransa mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU amenyesha ko yizeye ko iryo tangazo rizoshira inguvu ku mpande zose kugira bashire mu ngiro ayo masezerano vyihutirwa.

Igihugu c’Ubufaransa nico cafashije mu kwandika ayo masezerano ahagarikiwe n’abasenyeri katorika ,hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha