IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Inyuma y’igihe kitari gito,umukuru w’igihugu yavuye mu gacerere

RDC : Inyuma y’igihe kitari gito,umukuru w’igihugu yavuye mu gacerere

samedi 27 janvier 2018

Uwo mukuru w’igihugu ca Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo yabishikirije mu kiganiro yaraye ahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Nzero 2017.

Joseph KABILA KABANGE yasavye Ekereziya Katorika yo muri ico gihugu nyene kutivanga mu bijanye na poritike ahubwo ivy’Imana babihe Imana naho ivya kayisari babihe Kayisari.

Mu vyashikirijwe na Joseph KABILA muri ico kiganiro,yagarutse cane kuri kahise k’ico gihugu aho yamenyesheje ko kuva atangura gutwara ico gihugu hari vyinshi vyahindutse.

Joseph KABILA yavuze ati :“Mwibuke igenekerezo rya 26 Nzero mu mwaka w’i 2001, iki gihugu kimaze kubura umukuru w’igihugu,Kongo cari mu ndyane z’intamabara zitagira uko zingana,ico gihe ingabo mpuzamakungu nizo zashinga amategeko uko ibintu vyokorwa mu gihugu uhereye mu buraruko gushika mu bumanuko.

Uwo mukuru w’igihugu yifatiye mu gahanga abasirikare mpuzamakungu bari kugarukana amahoro muri ico gihugu (MONUSCO) ko ata kintu na kimwe kiboneka barashikako mu mwanya wose bamaze muri Kongo.

Joseph KABILA yameyesheje ko MONUSCO yananiwe no kurandura nimiburiburi umurwi n’umwe w’abarwanyi mu buseruko bw’ico gihugu gushika aho baza kwikangura bahekuwe n’iyo mirwi inyuma yo kwica absirikare babo.

Ku bijanye n’amatora, Joseph Kabila yemeje ko ikirangaminsi kiriho kw’amatora azoba kw’igenekerezo rya 23 Kigarama uyu mwaka ariko ntiyigeze amenyesha kubijanye n’ukwitoza kwiwe.

Joseph KABILA yatanze icizere ko abantu bakwiye kurema bagasubiza umutima hamwe mu kurindira igihe caho inzego nshasha zizoba zatowe zimenyekana.

Umukuru w’igihugu Joseph KABILA KABANGE amaze imyaka 17 k’ubutegetsi, kuva kw’igenekerezo rya 26 Nzero 2001,yabaye umukuru w’igihugu inyuma yaho se wiwe yatwara ico gihugu Laurent DESIRE KABILA yishwe arashwe.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.