Incamake

RDC : Ishengero katorika ryatangaje iyindi myiyerekano yo gusaba ko umukuru w’igihugu kuva ku butegetsi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 12 février 2018 saa 09:48
15420
0 0

Ishengero katorika muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo yamenyesheje ko kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018, hazoba iyindi myiyerekano yo gusaba umukuru w’igihugu Joseph Kabila kuva ku butegetsi.

Imyiyerekano iherutse kuba yabaye mu kwezi kwa Kigarama 2017 iyindi iba mu kwezi kwa Nzero 2018, yari yabujijwe ndetse n’inzego z’umutekano zirayirwanya.

Mw’ itangazo ryashizwe ahabona na Komite nshingwabikorwa y’abakirisu muri Congo (CLC), bamenyesha ko kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018, baba bari mu gihugu canke bari hanze y’igihugu, bataravye idini canke poritike, bategerezwa guhaguruka bakarwanya agahotoro.

Amakuru y’ikinyamakuru Jeune Afrique avuga ko iryo tangazo rya CLC ryasohotse mu masaha ane inyuma y’imisa yabereye i Kinshasa hibukwa abapfiriye mu myiyerekano yo kw’igenekerezo rya 21 Nzero.

Muri rusangi abantu 15 nibo biciwe mu myiyerekano yabaye kw’igenekerezo rya 31 Kigarama no kuwa 21 Nzero, nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.

Umurwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo werekanye ko hapfuye abantu indwi kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, mu gihe kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2018 hapfuye bane.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2018, mu gihe umukuru w’igihugu Joseph Kabila yahejeje ibiringo bibiri kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2016.


Kumenyekanisha

1
king 12-02-2018 à 20:42

kabila ko numva gatorika itamworoheye ? nzabandora

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha