IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Jean Pierre BEMBA yakiriwe mu gihugu c’Ububirigi

RDC : Jean Pierre BEMBA yakiriwe mu gihugu c’Ububirigi

samedi 16 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko mw’itangazo sentare mpanavyaha mpuzamkungu yashize ahabona , imenyesha ko Jean Pierre BEMBA yashitse mu gihugu c’Ububirigi kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ruheshi 2018.

Fadi el-Abdallah umuvugizi wa sentare Mpanavyaha mpuzamakungu CPI, yabwiye RFI ko Jean Pierre BEMBA yarungitswe ku butaka bw’Ububirigi, ariko ko adashobora kuvuga ikibanza yashikiyemwo.

Naho yarekuwe agatera aja mu gihugu c’Ububirigi, amakuru ya RFI avuga ko Reta y’Ububirigi yavuze ko ata bantu benshi bakwiye guhurira hafi yaho Jean Pierre BEMBA aba.

Jean Pierre BEMBA yari yahagaritswe yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo no mu gihugu ca Centrafrique.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.