IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Nikki Haley yasavye ko amatora yotunganywa mu mwaka wa (...)

RDC : Nikki Haley yasavye ko amatora yotunganywa mu mwaka wa 2018.

samedi 28 octobre 2017

Nikki Haley mu rugendo yarimwo mur’ico gihugu yamenyesheje ko niyo amatora atatunganywa mu mwaka uza wa 2018, igihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo kitazosubira kuronswa imfashanyo caronswa na Amerika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ,ivyo yabivuze mu gihe yabonana n’umukuru w’ umugwi w’igihugu utegura amatora Corneille Nangaa.

Uyo aserukira Amerika muri ONU yasavye abungere ba Ekleziya Katorika yaho muri Kongo gushira ibikorwa mu ngiro kugira amatora atunganywe vuba.

Umuvugizi w’abepisikopi Patiri Donatien Shole yasavye ko boshigikirwa kugira umuryango mpuzamakungu kugira amatora atunganywe vuba na vuba.

Nikki Haley nirwo rugendo rwa mbere akoze ku mugabane wa Afirika akaba yashitse i Kinshasa ku munsi wa gatatu abanje guca mu ntara ya Kivu ya ruguru aho yatembereye ikambi y’abateshejwe ivyabo.

Tubibutseko amatora yarategekanijwe kuba mu mpera z’umwaka wa 2016 igihe ikiringo ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila carangira ariko ubutegetsi bw’ico gihugu bwamenyeshejeko ata mafaranga akwiye yo gutegura ayo matora araboneka ,umugwi w ‘igihugu utegura amatora ukaba uheruka kumenyesha ko amatora azotunganywa mu mwka wa 2019.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.