RDC : ONU isaba Reta gutanga uburenganzira kuri Moise Katumbi bwo kwitoza

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 juin 2017 saa 09:30
Yasomwe : 4815
0 0

Umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu risaba Reta ya Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo gukora ibishoboka vyose kugira Moise KATUMBI atavuga rumwe na Reta azokwitabe amatora y’umukuru w’igihugu.

Umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu wabishikirije inyuma yaho Moise Katumbi yandikiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagiriza Reta ko imubuza uburenganzira bwo kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu,asaba kandi ko yokwubahirizwa mu buzima bwiwe.

Mw’ikete umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU wanditse kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017,uwo murwi werekenye ko wasavye Reta ya Kongo gukora ibishoboka vyose kugira Moise Katumbi atahe mu gihugu kandi yemererwe kwitoza mu matora ategekanijwe imbere y’uko umwaka wa 2017 uhera.

Muri iryo kete kandi Reta ya Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo yasabwe gukora ibishoboka vyose kugira Moise Katumbi acungererwe umutekano,kandi bakirinda kumuhagarika badakurikije amategeko.

Iryo kete rishobora gutuma Moise KATUMBI atahuka mu gihugu,inyuma y’ikiringo cababa umwaka yari amaze ari mu buhungiro,inyuma yo kuva mu gihugu avuze ko agiye kwivuza.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha