Zeid Ra’ad al-Hussein yari yahaye Reta ya Republika Iharanira intwaro Rusangi ya Kongo isango ntabanduka ryo gukorera hamwe na ONU amatohoza,ariko iryo sango ryararenze.
Haraheze amezi make ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikoze amatohoza, rica ritora ibinogo 40 vyahambwemwo abantu ikivunga, ariko ONU ikavuga ko ico gitigiri gishobora kuba kiri hejuru kurusha aho.
Kuva mu kwezi kw’umunani mu mwaka wa 2016,harabaye ingwano zikomeye mu karere ka Kasai, hagati y’abasirikare ba Reta n’abarwanyi b’umurwi Kamuina Nsapu.
Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko rifise amakuru menshi kuri ivyo binogo vyimbwe n’abasirikare ba Reta ya Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.