Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : ONU ivuga ko abantu barenga 40 aribo biciwe mu myiyerekano
RDC : ONU ivuga ko abantu barenga 40 aribo biciwe mu myiyerekano
vendredi 3 Ntwarante 2017, par
Igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo kirahakana icegeranyo giherutse gusohogwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, cagiriza abasirikare b’igihugu kwica abanyagihugu baja mu myiyerekano.
Reta ya Congo ihakana ico cegeranyo ivuga ko ibirego bivugwa ari amakuru y’ibinyoma afise intumbero yo kwambika iceyi ubutegetsi bwa Congo.
Ico cegeranyo casohotse ku munsi wa kabiri, kivuga ko n’imiburiburi abantu 40 b’abanyagihugu biciwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza umukuru w’igihugu Joseph Kabila mu kwezi kwa 12, mu gisagara ca Kinshasa.

Nk’uko tubikesha BBC, ico cegeranyo kivuga ko bamwe mu bari muri iyo myiyerekano bakubiswe n’abasirikare hamwe n’abaporisi b’igihugu gushika aho bapfa.
Umushikiranganji ajejwe ihererekana ry’amakuru, Lambert Mende, avuga ko isohorwa ry’ico cegeranyo rifise intego yo gutanga isanamu mbi ku butungane bwa Congo, poritike y’igihugu hamwe no gucapfuza inzego zijejwe umutekano, aho kurondera kwuzuriza abagiriye ingorane muri iyo myiyerekano.
IGIHE
Messages
5 Ntwarante 2017, 17:29, par Jean marie
Jewe iciyunviro nfise,
Nuko abantu bataramenya Yesu ko ariwe muvyeyi wacu ko,
Bakwiye kwihana bakazaronka ubugingo budashira.
Kuko, Yesu yavuze ngo twame tugavye kuko, atawuzi umunsi canke isaha.
Kandi yongerako avugango, abotugwana sabinyama namaraso ngotugwana nimpwemu mbi Zo mukirere.
Hanyuma ngaho namajambo y’Imana tubona muri bibiliya ari muri Maraki 4,1-nokubandanya yose Maraki
Murakoze cane