IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: ONU yagenye abahinga batatu bakora amatohoza

RDC: ONU yagenye abahinga batatu bakora amatohoza

mercredi 26 Mukakaro 2017

Abatowe ngo bazogire ayo matohoza ku mabi yakozwe mu ntara ya Kasayi basabwa kuzokwerekana amabi yakozwe,kudoma ku bikorwa vyakozwe vyo kurengera agateka ka zina muntu muri yo ntara.

Inama y’umuryango mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zinamuntu yasavye Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kuzokorana n’abo bahinga kuko bahejeje amatohoza yabo bazohanahana inkuru n’abajejwe intwaro aho muri Kongo aho abakoze ayo mabi bitegekanywa ko bazohanwa n’ubutungane bwa Kongo.

Kuva muri gitugutu umwaka wa 2016 ,inyuma y’igandagurwa ry’uwaserukira umuryango w’ubwoko bumwe bwaho muri Kasayi Kamwina Nsapu haciye haba ubwicanyi n’ibikorwa vyo guhohotera agateka ka zinamuntu mur’ako gace, aho ibiharuro bitangwa na Ekleziya Katorika yo muri Kongo vyerekana ko abantu bashika ibihumbi 3 bishwe abarenga umuriyoni nabo bata izabo.

Mu kwezi kwa ntwarante uyu mwaka wa 2017, abahinga babiri Michael Sharp ava muri Reta zunze Ubumwe za Amerika na Zaida Catalan bagandaguwe bariko bakora amatohoza ku binogo rusangi vyo mu ntara ya Kasai.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.