IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Reta imenyesha ko amatora adashoboka mu mwaka wa 2017

RDC: Reta imenyesha ko amatora adashoboka mu mwaka wa 2017

jeudi 16 Ruhuhuma 2017

Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, imenyesha ko ata matora ashoboka muri ico gihugu imbere y’umwaka wa 2018.

Ikiringo c’intwaro y’umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo Joseph Kabila, caheze mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze wa 2016,ivyatumye haduka imyiyerekano mu mpera z’umwaka uheze.

Mu masezerano Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yaheruka gushirako umukono hamwe n’abatavuga rumwe nayo, yavuga ko amatora ashobora gutunganywa mu mpera z’umwaka wa 2017.

Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta Pierre Kangudia yamenyesheje ko umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora ugereranya ko amatora ashobora gutwara miriyaridi 1.8 z’amadorari y’abanyamerika.

Umushikiranganji ajejwe ikigega avuga ko Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo idashobora kuyaronka.

Abagwanya umukuru w’igihugu Joseph Kabila bamwagiriza ko yagumye yigiza inyuma amatora mu ntumbero yo kuguma ku butegetsi.


IGIHE

Messages

  • Ubwo nubwenge bwokwigumiza kubutegetsi! kongo nigihugu gitunze cane guhera mwivu, gushitsa kurugero rushemishije.Urwo nirworupfu dupfishije hano muri Afrika uwugiye kubutegetsi ntiyiyumvira guhereza abandi, nicogituma ibihugu vyacu bizokwamira mubukene ibihevyose!< kuko tamwanya twigera turonka wokwitezimbere, ugize guracakwisununura utwowaronse twose dutwarwa niryane zabobategetsi barya badahaga, Imana yibuke afrika.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.